Umugore n'umugabo ba Kenya batsinze Marathon ya Paris

Paul Lonyangata n'umugore Purity Rionoripo batsinze ihiganwa rya marathon mu bahungu no mu bakobwa i Paris Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Paul Lonyangata n'umugore Purity Rionoripo batsinze ihiganwa rya marathon mu bahungu no mu bakobwa i Paris

Umukenya Paul Lonyangata niwe yatsinze ihiganwa rya Paris rya marathon, umugore wiwe nawe Purity Rionoripo aritsinda ku ruhande rw'abigeme.

Lonyangata yagize umwanya w'amasaha abiri, iminota itandatu n'amasegunda cumi mu gihe Rionoripo yamanuye umwanya yahorako ku minota ine, atsinda ku mwanya w'amasaha abiri, iminota 20 n'amasegonda 55.

Iyo ntsinzi y'uwo muryango yatumye igisata c'igihugu c'abanonotsi ciruhutsa, mu gihe hari haheze amasaha 48 umwe mu banonotsi Jemima Sumgong yagirijwe kwitera imiti yo kwongera inguvu.

Sumgong yari yabaye umugore w'umukenya wa mbere atsindiye umudali wa Olympique igihe atsindiye mu nkino za Rio mu mwaka uheze.

Mu guha icubahiro umutambukanyi wiwe, Lonyangata yarafukamye aha amashugwe umugore imbere ya Tour Eiffel.

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Paul Lonyangata aha amashugwe umugore, Purity Rionoripo imbere ya Tour Eiffel