Ubutegetsi bwihanikije imyiyerekano muri RD Congo

Bwana Kabila (hagati) yategerezwa kuba yatanze imihoho mu mpera z'umwaka wi 2016 ariko amatora yo kumusubiriza ntiyaba Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Kabila (hagati) yategerezwa kuba yatanze imihoho mu mpera z'umwaka wi 2016 ariko amatora yo kumusubiriza ntiyaba

Igipolisi cihanikije imyiyerekano ishingiye kuri politike muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, RD Congo, ivyo bikaba bishobora gutuma haduka ubwicanyi igihe imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yayihamagaje itovyubahiriza.

Imyiyerekano yose ishingiye kuri politike "irahagarikwa", niko Colonel Mwana Mputu yabwiye Radio Okapi.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yasavye abanyagihugu bo mu gihugu cose kuja mu myiyerekano, kwiyamiriza ukudashira mu ngiro amasezerano yateweko umukono mu kwezi kwa 12, yari gutuma Prezida Kabila akinjura.

Muri ayo masezerano, amatora yotunganijwe imbere y'impera y'umwaka wi 2017, Bwana Kabila akaba atoyajamwo.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yateguye iyo myiyerekano imbere yuko umukuru w'igihugu agena Bruno Tshibala, ka mushikiranganji wa mbere itariki indwi z'ukwezi kwa kane.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ari nayo yategerezwa gutanga izina ry'umushikiranganji wa mbere nkuko amasezerano yo mu kwezi kwa 12 abisigura, yariyamirije igenwa rya Bwana Tshibala, ivuga ko ritubahirije amasezerano.