Abasirikare batanu bishwe n'umwiyahuzi muri Somalia

Prezida mushasha wa Somalia Mohamed Abdullahi Farmajo aheruka kwagiye kugwanya yivuye inyuma umurwi Al-Shabab Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida mushasha wa Somalia Mohamed Abdullahi Farmajo aheruka kwagiye kugwanya yivuye inyuma umurwi Al-Shabab

Ni buriburi abasirikare batanu bishwe abandi 15 barakomereka mu gitero cakozwe n'umwihevyi yiturikirije mw'ikambi y'igisoda yambaye impuzu za gisirikare i Mogadishio, umugwa mukuru wa Somalia, niko ivyabona vyabwiye BBC y'igi Somali.

Umurwi Al-Shabab ucuditse na al-Qaeda, wemanze ico gitero.

Mu gitero ca kabiri, umukozi wa leta yahitanywe n'ikibombe catezwe mu modoka yiwe i Mogadishio, niko Reuters yamenyesheje.

Ivyo bitero bije haheze indwi umukuru w'igihugu Mohamed Abdullahi Faramajo amenyesheje ko agiye gutanguza ingwano ku murwi wa Al-Shabab, atanga n'iminsi 60 ngo abagwanyi bipfuza kugirigwa ikigongwe bishikane.