Umurusiya yafashwe yagirizwa kwabura ku matora ya Amerika

Bwana Levashov afashwe mu bahigwa bagirizwa kwabura ku matora yo muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Levashov afashwe mu bahigwa bagirizwa kwabura ku matora yo muri Amerika

Igipolisi ca Espagne cafashe umugabo w'umurusiya kimwagiriza kugira uruhara mu "kwabura" ku bijanye n'amatora yo muri Leta Zunze Ubumwe bwa Amerika, niko itangazamakuru rya Espagne ryavuze.

Pyotr Levashov, yafashwe itariki 7 Ukwezi kwa kane i Barcelone, ubu apfunzwe vy'agateganyo.

Amakuru aturuka mu bahinga mu vy'amategeko yashikiriye itororokanirizo ry'amakuru AFP, avuga ko Amerika yasavye ko Bwana Levashov yorungikwa kuburanishirizwa muri ico gihugu.

Ico cipfuzo kigiye kwihwezwa na sentare ya Espagne isuzuma ivyaha, niko AFP ivuga.

Abahinga benshi mu vy'ugukingira za mudasobwa ubugizi bwa nabi barimwo Brian Krebs, baremeje ko Bwana Levashov afitaniye imigenderanire n'umurusiya akomeye mu vy'ama "spam", bita Peter Sereva.

Mu cegeranyo co muri Amerika casohowe mu kwezi kwa mbere, bivugwa ko Prezida w'Uburusiya Vladmir Putin, yagerageje gufasha Bwana Trump ngo atsinde amatora.

Bwana Trump yavuze munyuma ko ivyoba vyakozwe vyose, ataco vyahinduye ku vyavuye mu matora.