Umwe mu batimbo b'inararibonye mu Burundi yitavye Imana

Antyme Mivuba yashengeye afise imyaka 80 Uwufise ububasha kw’isanamu BBC, Cyriaque Muhawenayo
Image caption Antime Baransakaje mu mutamana w'abatimbo, n'umunyamakuru wa BBC Cyriaque Muhawenayo, mu mpuzu y'igiti

Antime Baranshakaje, inararibonye mu nkingi z'ubuhinga bwihariye bw'Uburundi bwo kuvuza ingoma, yaraye yitavye Imana kuri uyu w'Imana afise imyaka 80.

Yari amaze amezi itatu ari ku musego mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura.

Uyu mutama yari asanzwe ari umurinzi w'urugo rwo ku mutumba wa Gishora, muri komine Giheta intara ya Gitega, ahasanzwe habitswe ingoma ziranga umuco n'akaranga vy'Uburundi.

Ico kibanza cashizweho n'umwami Mwezi Gisabo.

Antime Baranshakaje n'abandi banyagihugu baho, barimwo abo mu muryango wiwe, niho bigira gukana, kuvuza no gutamba ingoma.

Ariko kandi bagacunga ico kigo n'ingoma ndangamurage zihabitse.

Muri izo ngoma harimwo izitavuzwa nk'iyo bita Ruciteme, hamwe na Murimirwa, amazina afatiye ku myuga y'uruhigi n'uburimyi, yari itunze Abarundi bo hambere

Ingoma z'Uburundi zashizwe mu gitigiri c'ibimenyetso vy' umuco ndangamurage bikingiwe n'ikigo mpuzamakungu kijejwe indero n'imico kama UNESCO, mu mwaka wa 2014.