Perezida Nkurunziza ngo nta kigongwe arekuriwe guh'abataburanye

Mkapa na perezida Nkurunziza
Image caption Benjamin Mkapa yari yasabiye abaronderwa n'Uburundi ikigongwe c'agateganyo kuri perezida Nkurunziza

Presida Pierre Nkurunziza aherutse kwishura ku butumwa umuhuza Benjamin Mkapa yaheruka kumurungikira burimwo kumusaba kugirira ikigongwe mfatikibanza abanye politike baronderwa n'ubutungane kugira bashobore kwitaba ibiganiro.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko ubwo bubasha atabwo afise.

Benshi mu banye politike batavuga rumwe na leta y'Uburundi barahunze bafise imitahe yo gufatwa bagirizwa intureka n'ukugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi Jean Claude Karerwa Ndenzako, yabwiye BBC ko abo Mkapa asabira ikigongwe abakurikiranwa n'ubutungane bose kubera ivyabaye mu 2015.

Yemeza ko n'aho umuhuza Mkapa atadomye urutoke abo asabiye imbabazi, ari abashatse gutembagaza ubutegetsi, canke abagize uruhara mu bikorwa vyabanje imbere y'ico gihe.

Umukuru w'igihugu rero ngo afise uburenganzira bwo kubabarira abamaze guca imbere y'ubutungane, nayo ku bataracibwa imanza, itegeko mpanavyaha ngo riteganya ko bababarigwa vy'agateganyo, biciye ku bashingamateka ari nabo baserukira abanyagihugu.

Benjamin Mkapa amaze gutunganya incuro zitatu z'ibiganiro ata kinini kivamwo ariko yiyemeje ko ivyo biganiro vyoba vyaheze mu mezi abiri ari imbere.