Abategetsi b'Uburusiya bashobora gufatigwa ibihano

Igitero cikekwa ko hakoreshejwe ubumara cishe 89 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igitero cikekwa ko hakoreshejwe ubumara cishe 89

Inama y'ibihugu biteye imbere kurusha ibindi, G7, ifise intego yuko ibihugu bigize uwo muryango vyoja hamwe ku kibazo ca Syria, imbere yuko umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika aja mu Burusiya kubugondoza kuva kuri Syria.

Rex Tillerson afise umugambi wo guhura n'ibihugu bikorana na Amerika vyo mu buseruko bwa hagati, imbere yuko aja i Moscou.

Ubwongereza bwasavye ko Uburusiya n'abategetsi bo mu gisirikare ca Syria bafatigwa ibihano bikomeye.

Ivyo bikurikiye igitero bivugwa ko hakoreshejwemwo ubumara muri Syria.

Syria yarahakanye ko itigeze igaba igitero c'ubumara ku gisagara ca Khan Sheikhoun kigenzugwa n'inyeshamba mu ndwi iheze, cahitanye abantu 89.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ivyononekaye inyuma y'igitero ca Amerika ngo ntibiri ukwo ico gihugu kibishikiriza

Umwe mu bategetsi ba Amerika yavuze ko Uburusiya bwari buzi ivy'ico gitero c'ubumara kiba, kuberako "drone" yari yiriwe ica hejuru y'ibitaro vy'i Khan Sheikhoun, abanyagihugu nabo bahiga uwobatabara.

Haheze amasaha indege itera ikibombe ku bitaro, Amerika ikibaza ko ico gitero cari ico gupfukapfuka igitero ca mbere, niko itororokanirizo ry'amakuru Associated Press ryavuze.

Hagataho umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, James Mattis, yatanze insiguro nshasha ku gitero co ku kirindiro ca Shayrat ku munsi wa kane.

Yavuze ati "igitero giharuye" ca Amerika - hatewemwo "missiles" 59 - cononye ibibanza vy'ibitoro hamwe n'ic'amasasu, gisambura ibice 20% vy'indege z'ingwano za Syria".

Igisirikare ca Syria kiremera ko hari vyinshi vyasambutse ariko umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya, yavuze ko indege zitandatu zo mu bwoko bwa MiG-23 hamwe n'inyubakwa ziharuye arivyo vyononekaye kandi ko "missiles" 23 zonyene arizo zashitse Shayrat.