Uwiketswe mu gitero ca Suede yemeye ivyo yagirizwa

Igipolisi casohoye ino foto kiriko kirahiga uwakoze igitero Uwufise ububasha kw’isanamu SWEDISH POLICE
Image caption Igipolisi casohoye ino foto kiriko kirahiga uwakoze igitero

Umugabo akurikiranwa ku gitero c'ikamyo mu gisagara ca Stockholm muri Suede, yiyemereye ko ariwe yakigavye, nkuko uwumwunganira mu rubanza yavuze.

Yavyemereye aho apfungiwe ku mugwa mukuru wa Suede.

Rakhmat Akilov, w'imyaka 39, aturuka muri Uzbekistan, yavyemereye sentare.

Abantu bane nibo bapfuye igihe ikamyo yinjiye mu bubiko bw'inyubakwa ku munsi wa gatanu.

Hari n'abantu bakomeretse barimwo babiri muri kino gihe baremvye.

"Aho ahagaze nuko yemeye icaha c'iterabwoba kandi yemera ko azopfungwa," niko uwumwunganira mu rubanza Johan Eriksson yavuze.