Umunya Ghana agiye kurongora ikigo gikomeye c'imideri "British Vogue"

Edward Enninful yafotowe mu 2016 ari kumwe na Naomi Campbell, karuhariwe mu vy'imideri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Edward Enninful yafotowe mu 2016 ari kumwe na Naomi Campbell, karuhariwe mu vy'imideri

Ikigo c'imideri British Vogue cemeje ko umunya Ghana akora mu gisata c'imideri, Edward Enninful, ariwe agiye kugenzura ivyandikwa mu gitabo c'imideri c'ico kigo (editor)

Agiye kuba umuntu wa mbere adafise urukoba rwera kandi w'umugabo aronse ako kazi.

Enninful, yigeze gukora muri Vogue ya Amerika n'iy'Ubutaliyano, agiye gusubirira Alexandra Shulman, yamenyesheje mu kwezi kwa mbere ko agiye.

Jonathan Newhouse wo muri Condé Nast International yavuze ko Enninful "ari umuntu azwi cane mu vy'imideri, mu gisata c'amasinema nka Hollywood no mu gisata c'umuzika".

Muri kino gihe n'umuyobozi ajejwe imideri hamwe no kuyiyumvira mu kigo W Magazine, aho akora kuva mu 2011.

Uwo mugabo w'imyaka 45 azotangura akazi itariki 1 y'Ukwezi kw'umunani.