Thabo Mbeki asaba abashingamateka kwitandukanya na Prezida Zuma

Bwana Mbeki yatanze imihoho mu 2008 agondojwe na Bwana Zuma Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Mbeki yatanze imihoho mu 2008 agondojwe na Bwana Zuma

Uwigeze kurongora igihugu ca Afrika yepfo Thabo Mbeki yasavye abashingamateka b'umugambwe uri ku butegetsi African National Congress (ANC), kwisunga inyungu z'ababatoye ni haba amatora yo kugumiza canke gukura icizere kuri Bwana Zuma.

Mu ndwi iza, bisabwe n'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, niho hategekanywa amatora mu nama nshingamateka, yotuma Prezida Jacob Zuma akugwako icizere mu nyuma akava ku butegetsi.

Bwana Thabo Mbeki asaba abashingamateka kuraba inyungu z'ababatoye, kurusha iz'umugambwe, niko ikinyamakuru IOL cavuze.

Akamo ka Bwana Mbeki gashobora kuvyura ishavu ry'abashigikiye Bwana Zuma, biyemeje kugwanya uwo mugambi wo kurondera kumukurako icizere biciye mu matora y'abashingamateka.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yagiriza Bwana Zuma ingeso y'ibiturire, no kuba yirukanye umushikiranganji yubashwe w'ikigega Pravin Gordhan, kugira bimworohere kukigenzura.

Bwana Zuma arahakana ko ata ngeso y'ibiturire afise, ko ihindura ry'abagize Leta yakoze, rifise intego "yo kunagura ubutunzi" ku nyungu z'abirabure bo benshi.