Wenger yavuze ko kazoza kiwe ata ngaruka gafise ku bakinyi

Amenyereza Arsenal, Arsene Wenger amaze gutwara ibikombe bitatu kuva mu 1996, ica nyuma akaba yagitwaye muri 2004 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amenyereza Arsenal, Arsene Wenger amaze gutwara ibikombe bitatu kuva mu 1996, ica nyuma akaba yagitwaye muri 2004

Umumenyereza w'umurwi w'umupira w'amaguru Arsenal, Arsene Wenger yamenyesheje ko kazoza kiwe ata ngaruka kazogira ku bakinyi, ariko yemera ko kubona Crystal Palace ibatsinda 3-0 biteye amakenga menshi.

Amasezerano y'akazi (contrat) ya Wenger aherana n'ihiganwa ry'uno mwaka ariko akaba yongewe iyindi myaka ibiri, naho atarashobora kwemeza ko azobandanya.

Arsenal iri mu kibanza ca gatandatu n'amanota indwi inyuma y'umugwi wa kane, kandi isigaranye inkino umunani.

"Nakinishije Arsenal inkino zirenga 1,100 ariko ntitwari tumenyereye gutsindwa gurtya," niko uwo mugabo w'umufaransa yavuze.

"Birakenewe ko turaba ingene tubikemura ningoga, ntidusubire kuvyemera."

Buzoba bubaye ubwa mbere Arsenal itaja mu migwi ine ya mbere kuva igihe Wenger atanguriye kuwumenyereza.

"Ndategera ko abakunzi bacu bashavuye ariko na twebwe dushavuye kurusha," niko yabandanije avuga.