G7 yavuze ko ata bihano izofatira Uburusiya

Rex Tillerson ategekanya kuja Moscou ku munsi wa kabiri ku mugoroba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Rex Tillerson ategekanya kuja Moscou ku munsi wa kabiri ku mugoroba

Inama y'ibihugu biteye imbere kurusha ibindi, G7, ntiyashoboye kwumvikana ku bihano vyofatigwa Uburusiya na Syria.

Abashikiranganji b'imigenderanire n'amakungu bariko barondera guhuriza ku nyishu rusangi ku ndyane zo muri Syria, imbere yuko umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika aja mu Burusiya kubugondoza kuva kuri Syria.

Ivyo bihugu vyemeye ko ata nyishu ishobora kuboneka ku ndyane ziri muri Syria, mu gihe Prezida Assad akiri ku butegetsi.

Ivyo Ubwongereza bwasaba ko abasirikare bakuru bohabwa ibihano, navyo nyene vyigijwe hirya.

Iyo nama yabera mu gisagara ca Lucca mu Butaliyano, yakurikiranye n'igitero co muri Syria, bivugwa ko hakoreshejwemwo ubumara.

Syria yarahakanye ko itigeze igaba igitero c'ubumara ku gisagara ca Khan Sheikhoun kigenzugwa n'inyeshamba mu ndwi iheze, cahitanye abantu 89.