Ubutegetsi bwa DR Congo bwafashe abantu 80 mu guhagarika imyiyerekano

Abanyagihugu bamaze igihe biha amabarabara mu kwiyamiriza Prezida Kabila Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyagihugu bamaze igihe biha amabarabara mu kwiyamiriza Prezida Kabila

Ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu Human Rights Watch kivuga ko ubutegetsi bwa Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, DR Congo, bwafashe abantu mirongo umunani mu gihugu mu guhagarika imyiyerekano yategekanywa ku munsi wa mbere.

Nta bantu benshi bari mu mabarabara, muri iyo myiyerekano yari yahamagajwe.

Abanye Congo benshi bagumye imuhira, ibisagara binini nka Kinshasa vyari bitekanye kurusha ukwo vyahora.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ivuga ko Prezida Joseph Kabila atubahirije amasezerano yateweko umukono buca umwaka mushasha utangura.

Uruhagarara rwagumye rwiyongera kuva igihe Bwana Kabila yankiye guhamagaza amatora, ngo haboneke uwumusubirira ikiringo ciwe kirangiye mu mwaka uheze.