Abimukira baragurishwa muri Libya

Abimukira batemeye gukoreshwa bigomboza amahera barungikiwe n'imiryango
Image caption Abimukira batemeye gukoreshwa bigomboza amahera barungikiwe n'imiryango

Amakuru ava mu gihugu ca Libya avuga ko abimukira bafatwa ku mugabane wa Afrika bagurishwa muri bino bihe vya none ku masoko y'abagurano.

Ikigo kigenzura ikibazo c'abimukira kw'isi "International Organisation for Migration" (IOM), kivuga ko gifise ibirego vy'abantu bafashwe n'imigwi y'abagwanyi canke n'abakora urudandazwa rwo kujabukana abantu.

Bavuga ko batwagwa mu bibanza vyo mu bisagara canke aho imodoka zihagarara, bakagurishwa nk'abagurano.

IOM ivuga ko bagigwa imbohe n'ababaguze, bakabakoresha ku nguvu.

Bamwe bategekwa guhamagara imiryango ngo ibarungikire amahera yo kwigomboza.

Hari amakuru avuga ko bakubitwa, bagakoregwa amabi ashingiye ku gitsina, abandi bakicwa.