Prezida Trump yagabishije Korea ya ruguru

Ubwita bw'ingwano bwa Amerika, The Carl Vinson (hagati), buriko bwerekeza ku nkengera ya Korea Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwita bw'ingwano bwa Amerika, The Carl Vinson (hagati), buriko bwerekeza ku nkengera ya Korea

Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagabishije Korea ya ruguru avugira kuri Twitter ko Pyongyang "yikwegera ingorane".

Yasavye ashimitse Ubushinwa --bucuditse na Korea ya ruguru --gufasha gutorera umuti ico gihugu kibanyi cabwo.

Bwana Trump yavuze ko Beijing yopfundika munyuma amasezerano meza y'ubudandaji na Amerika igihe yoba ibikoze.

Amerika ngo ntizotinya kwitorana inyishu itari kumwe n'Ubushinwa.

Bwana Trump yashikirije amajambo nka mwenayo mu ndwi iheze, muri kino gihe uruhagarara rukaba rumaze kwiyongera.

Amerika imaze iminsi irungitse amato y'ingwano yerekeza ku nkengera ya Korea, ivyo bikaba vyashavuje Korea ya ruguru.