Abanyamurenge bahanganye n'abafurero mu Bijombo

Abagera ku 12000 bamaze kwimuka
Image caption Imishamirano ivugwa muri Kivu y'epfo ngo iri hagati y'abafurero n'abanyamurenge

Muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo mu ntara ya Kivu y'amaj'epfo mu karere ka Minembwe, abayobozi b'abanyamalugenge bavuga ko guhera kuwa gatanu hadutse intambara hagati y'abo n'abafurero.

Izo ntambara abayobozi b'abanyamulenge bavuga ko zimaze guhitana abantu babiri ku ruhande rwabo n'aho abandi benshi bagata ingo zabo.

Bikino Mitabo umwe mu bayobozi b'abanyamulenge mu Minembwe, yabwiye BBC ko ayo matati hagati y'abo n'abafurero , yahereye ku Munyamurenge avuga ko yishwe n'abafurero mu kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Ikindi abo Banyamurenge bavuga ko bazira ngo ni ubutegetsi bwa Groupement ya Bijombo bwahawe Abanyamurenge, mu gihe Abafurero bashaka kuhabirukana.

Ivyo ngo vyarasubiriye nka kabiri imbere yo gutana mu mitwe kuva ku munsi wa gatanu hagaturigwa n'imihana.

Bikino Mitabo avuga ko imihana y'abantu agera ku 12000 bamaze guhunga.