Umugore wo muri Ohio yarezwe gufata ku nguvu umushoferi w'umugabo

Ifoto ya Brittany S Carter, 23, yatanzwe n' ibohero rya Hancock. Uwufise ububasha kw’isanamu Hancock County Jail
Image caption Brittany Carter yagirizwa gukora ibisa n' imibonano mpuzabitsina ku mugabo afatiweko intambi

Umugore wo muri leta ya Ohio, araregwa gufata ku nguvu umushoferi wa taxi, imbere yo gusiga amwivye afatanije n'uyundi mugabo.

Brittany Carter, w'imyaka 23, yagirizw ako yakoze ibisa n'imibonano mpuzabitsina ku mugabo w'umushoferi wa taxi w'imyaka 29, ahagarikiwe na Corey Jackson, umugabo w'imyaka 20 yari kumwe na Brittany, afatiye inkota kuri uyo mushoferi.

Igipolisi kivuga ko Brittany na Corey baciye bagenda bivye uwo mushoferi ama dorari 32 imbere yo guhunga, hari mu muji wa Findlay.

Abapolisi bavuga ko batazi impamvu Brittany yakoze ivyo yagirizwa.

Igipolisi kimeneysha ko kumbure kwari ugushaka kumusamaza kuko bashaka kumwiba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook
Image caption Brittany Carter yafashwe amaze kuregwa n'umupolisi 'yafashe ku nguvu'

Ivyo ngo Brittany Carter yabikoze amaze guhamagara ikigo ca Trinity Express Cab gitanga imodoka za taxi zunguruza abantu, hari mu masaha ya kare yo kuwa 28 z' ukwa mbere uyu mwaka, nk'uko igipolisi kimenyesha.

Yaciye atabwa muri yompi uwo mushoferi amaze kwitura igipolisi.

Sentare yo mu karere ka Hancock irega Brittany Carter gufata ku nguvu n'ubusuma bukomeye.

Yari yarigeze gukurukiranwa kubera icaha co gutunga ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa heroine

Jackson we n'ubu aracaronderwa n'igipolisi

Yagirizwa icaha c'ubusuma bukomeye no kwifatanya n'uwakoze icaha co gufata ku nguvu, vyose bikomeye.