Igitero kuri Borussia Dortmund cakomerekeje umukinyi

Ibiyo n'amapine vyaraturitse muri ico gitero Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibiyo n'amapine vyaraturitse muri ico gitero

Igipolisi c'Ubudagi kiriko kirarondera abantu bari inyuma y'igitero cagabwe ku bisi y'umugwi w'umupira w'amaguru Borussia Dortmund, gikomeretsa umukinyi umwe.

Umushikirizamanza yavuze ko hari ikete ryatowe aho ico gitero cabereye ririko ririhwezwa mw'itohoza rikogwa.

Rivugwamwo ko abanyanditse boba bemeye ko bakoze ico gitero, igipolisi kiriko kirabarondera cihweza nuko ibivugwamwo ari ukuri.

Umukinyi Marc Bartra yaciye abagwa inyuma yaho avunikiye igufa, abandi bakinyi ntaco babaye.

Borussia Dortmund yariko iraja ku kibuga cayo, aho yari ifise urukino rw'igice c'ica kane mw'ihiganwa Champions League ihura na Monaco, igihe ibisasu bitatu biturikiye, nkuko bivugwa n'igipolisi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, umukuru w'igipolisi ca Dortmund yavuze ko ico gitero cari categuriwe uwo mugwi.

Abakinyi baciye baryama hasi muri bisi, batazi ko hari ibindi biturika bigiye gukurikira, niko yavuze.

Uretse umukinyi Marc Bartra, umupolisi yari kw'ipikipiki aherekeje iyo bisi nawe nyene yakomeretse.