Xi asaba Trump gutorera inyishu ikibazo ca Korea ya ruguru mu mahoro

Pyongyang yarashavujwe n'ubwato bw'ingwano Amerika yarungitse mu karere Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Pyongyang yarashavujwe n'ubwato bw'ingwano Amerika yarungitse mu karere

Umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping yasavye ko hoba inyishu y'ikibazo ca Korea ya ruguru mu mahoro.

Ivyo yabivugiye mu kiganiro co ku murongo wa telefone yagiranye na Prezida wa Amerika Donald Trump, nk'uko itangazamakuru ry'Ubushinwa ryavuze.

Ku munsi wa kabiri, Bwana Trump yacishije ubutumwa kuri Twitter avuga ko Amerika ata bwoba ifise bwo gushobora kwitorana yonyene inyishu ku kibazo ca Korea ya ruguru, igihe Ubushinwa butokwemera gufasha.

Uruhagarara rwaraduze mu karere ka Korea inyuma yaho Amerika ikarungitsemwo ubwato bw'ingwano.

Korea ya ruguru yaciye yishura n'agashavu kenshi, ko izokwigwanira "n'inguvu nyinshi".

Ico kiganiro co ku murongo wa telefone cabaye ku munsi wa gatatu mu gitondo, nkuko ikigo ca televiziyo CCTV cabimenyesheje.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika ntaco birabivugako.

Muri ico kiganiro, Bwana Xi yavuze ko Ubushinwa "bwiyemeje gukora ibishoboka ngo akarere ka Korea ntigasubire kuvugwamwo ibigwanisho vya "nucléaire", gufasha kubumbatira amahoro n'umutekano, no kurondera inyishu z'ibibazo bihavugwa mu nzira y'amahoro," CCTV niko yavuze.