Amerika isaba Onu gutohoza ku gitero c'ubumara muri Syria

Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York
Image caption Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York

Abaserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Onu bavuga ko bizeye ko akanama kajejwe umutekano kaja kwemeza kur'uno wa gatatu integuro ishikirizwa isaba itohoza ku gitero c'ubumara cagabwe n'ubutegetsi bwa Syria mu ndwi iheze.

Ico gitero cahitanye hafi abantu 90 mu gisagara ca Khan Sheikhoun, kigenzugwa n'inyeshamba.

Abaserukira ibihugu vyabo muri Onu, bavuga ko bazi neza ko Uburusiya buja kuburagiza uwo mugambi wateguwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n'Ubufaransa.

Igihe Uburusiya bwokoresha ububasha bufise bwo kwemeza canke guhakana ingingo za Onu (veto) bugahagarika uwo mugambi, buzoba bubaye ubw'umunani bwanka ko Syria ifatigwa icemezo.