Imyiyerekano yo gukura Zuma irabandanya muri Afrika yepfo

Bamwe mu bategetsi ba ANC basaba Zuma gutanga imihoho Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bamwe mu bategetsi ba ANC basaba Zuma gutanga imihoho

Abagwanya Prezida wa Afrika yepfo, Jacob Zuma, batunganije imyiyerekano mu gisagara ca Pretoria mu gihe ahimbaza isabukuru y'imyaka 75.

Abari mu myiyerekano basaba ko yotanga imihoho, bakaba bategekanya gushika ku nyubakwa zitandukanye za Leta, imyiyerekano izoba ikurikiye iyakozwe mu ndwi iheze mu gihugu cose.

Bwana Zuma yavuze ko abamugwanya bafise amacakubiri ashingiye ku rukoba.

Sentare ya Afrika yepfo yihweza imanza zifitaniye isano n'ibwirizwa shingiro, iriko irihweza icipfuzo c'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, isaba ko hotunganywa amatora y'abashingamateka akorewe mu mwiherero, yo gukura canke kugumiza icizere ku mukuru w'igihugu.

Prezida Zuma amaze iminsi yidogegwa inyuma yaho yirukaniye umushikiranganji w'ikigega, Pravin Gordhan, mu kwezi guheze.