Umupolisi w'umu Nigeria yagegenye imishatsi y'umugore bakorana yidogewe

Umukozi wo ku kirimba kwa Prezida Buhari yavuze ko kugegena iyo mishatsi ari "ugutesha agaciro abagore" Uwufise ububasha kw’isanamu FRSC RIVERS STATE/FACEBOOK
Image caption Umukozi wo ku kirimba kwa Prezida Buhari yavuze ko kugegena iyo mishatsi ari "ugutesha agaciro abagore"

Igisata c'igihugu kijejwe umutekano mw'ibarabara casubije ku murongo umupolisi w'ipete ryo hejuru, inyuma yaho afatiwe amasanamu ahana abagore akoresha mu kubagegena imishatsi abona ko ari miremire cane.

Amafoto yerekana uwo mu komanda afise umukasi aca imishatsi y'umugore akoresha ariko aragenzura abo atwara (inspection parade), yateye uruhagarara ku mbuga hwaniro.

Hari amategeko ajanye n'ingene abagore bakora mu gisata c'igihugu kijejwe umutekano mw'ibarabara "Federal Road Safety Corp" (FRSC) batunga imishatsi.

Umuvugizi w'igipolisi yavuze ko ivyo uwo mupolisi yakoze biteye kubiri n'akarangamutima ka FRSC.

Lauretta Onochie, akorera ku kirimba c'umukuru w'igihugu wa Nigeria, Muhammadu Buhari, yiyamirije ivy'iryo gegena ry'imishatsi kuri Twitter avuga ko ari "ugutesha agaciro abagore".

Andrew Kumapayi, umukomanda wa FRSC agenzura akarere mu ntara ya Rivers State, yatanze ico gihano co guca imishatsi mu gatondo hakiri kare agenzura abapolisi atwara ku kivuko ca Port Harcourt ku munsi wa mbere.

Ntaco yigeze abivugako ariko uwundi mupolisi ari mu bagenzura abapolisi b'abagore yavuze ko "basabwa kuba bafise imishatsi ikwigwa mu nkofero baba bambaye", ariko ntiyavuga ko imishatsi miremire ibujijwe.