Imiliyoni z'amadolari zatowe mu nyubakwa muri Nigeria

Amahera yatowe yari avanze amadolari, ama pound sterling hamwe n'amahera y'igihugu (Naira) Uwufise ububasha kw’isanamu Economic and Financial Crimes Commission
Image caption Amahera yatowe yari avanze amadolari, ama pound sterling hamwe n'amahera y'igihugu (Naira)

Ikigo kijejwe gukurikirana ivyaha bishingiye ku butunzi muri Nigeria, "Economic and Financial Crimes Commission" (EFCC), cavuze ko catoye mu nzu amahera aharugwa mu miliyoni z'amadolari mu vyumba bibiri vy'inzu ifise ivyumba bine.

Ayo mahera ngo yaratekeye mu mifungo y'amadolari, ama pound sterling hamwe n'ama naira.

Abari mw'itohoza buguruye urwo rugo n'inguvu munyuma batora imiliyoni $43.4, £27,800 hamwe n'imiliyoni N23.2.

Bavuga ko hari n'ayandi mahera basanze anyegejwe mu bubati bw'impuzu kandi ko vyerekana ko ayo mahera yavuye mu bikogwa bidaciye mu mategeko.

EFCC yavuze ko hari umunetsi yababuriye, ababwira ko hari imifuko iguma yinjizwa mu vyumba vy'iyo nyubakwa. Ngo hari n'umugore yaza yiyoberanije azanye imifuko.

Ubutegetsi buvuga ko bwabajije n'abanyezamu bo kuri iyo nyubakwa ariko bavuga ko atariho baba.