Sentare ya Buraya yagirije Uburusiya kurekerana ubwicanyi bwo mu 2004

Abishwe bagizwe imbohe mu cumba co kunonoreramwo imitsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abishwe bagizwe imbohe mu cumba co kunonoreramwo imitsi

Sentare ya Buraya ikurikirana ivy'agateka ka kiremwa muntu yafashe icemezo ko Uburusiya bukwiye gukurikiranwa kukuba butahagaritse ubwicanyi bwo mu 2004 bwahitanye abantu 330 mu gitero co kw'ishule rya Beslan.

Ivuga ko ubutegetsi ata na kimwe bwakoze ngo bwirinde ico gitero, kandi ko n'ivyakozwe ngo gihere canke itohoza ryakurikiye bitakozwe neza.

Muri ico gitero inyeshamba z'aba Chechen zagize ingwati abantu barenga 1 000, bagwiriyemwo abana.

Ivyo vyarangiye inteko z'Uburusiya ziteye iyo nyubakwa, abarokotse bakavuga ko zakoresheje inguvu nyinshi.

Nta mutegetsi numwe w'Uburusiya yakurikiranywe kuri ubwo bwicanyi bwaguyemwo abana 186.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ico gitero caguyemwo abana benshi

Abantu binyegeje mu maso barimwo abagabo n'abagore bambaye imisipi ihetse ibibombe bateye mw'ishule rya Beslan bugurura umuriro, ibirori vyo gutangura umwaka mushasha w'ishule birangiye.

Abantu 330 nibo bapfuye, abateye bakaba basaba ngo ingabo z'Uburusiya zive muri Chechnya.