Korea ya ruguru yuguruye ibarabara n'inyubakwa nshasha i Pyongyang

Kim Jong-Un (hagati) arongoye Korea ya ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kim Jong-Un (hagati) arongoye Korea ya ruguru

Ubutegetsi bwa Korea ya ruguru bwuguruye ibarabara rishasha n'inyubakwa ku mugwa mukuru Pyongyang, bukavuga ko vyose vyashobotse kubera ukumenya kwifata no kwitanga.

Haraheze imyaka uwurongoye igihugu Kim Jong-un yari muri ivyo birori, anagura igisata c'ubutunzi, akemera nuko abantu bishingira amaduka yabo.

Ivyo birori vyakurikiranywe n'umumenyeshamakuru wa BBC, John Sudworth, yatumiwe hamwe n'abandi bamenyeshamakuru.