Uwikekwa ku gitero ca Borussia Dortmund ngo yoba akorana na IS

Ubushikirizamanza bwa Karlsruhe bufata igitero co ku munsi wa kabiri nk'igitero c'iterabwoba Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubushikirizamanza bwa Karlsruhe bufata igitero co ku munsi wa kabiri nk'igitero c'iterabwoba

Abashikirizamanza b'Ubudagi bavuze ko ata vyemezo bafise vyerekana ko umugabo yafashwe yoba ariwe yagavye igitero kuri bisi ya Borussia Dortmund ariko basaba ko yoguma apfunzwe.

Basavye ko uwo mugabo aturuka muri Iraki, w'imyaka 26, yosohoregwa umutahe mushasha, akaguma mu gasho.

Uwo mugabo yahavuye amenyekana kw'izina rya Abdul Beset A, akekwa kuba ari umunywanyi wa leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS)

Ibisasu bitatu nivyo vyaturitse ku munsi wa kabiri igihe abakinyi ba Borussia Dortmund bariko baja mu rukino rubahuza na Monaco.