Umukenya w'umukenguzamateka muri Australia

Lucy Gichuhi agiye guserukira umugambwe Family First mu nama nshingamateka Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Lucy Gichuhi agiye guserukira umugambwe Family First mu nama nshingamateka

Umukenya Lucy Gichuhi agiye kuba umukenguzamateka w'umugambwe muto Family First mu gihugu ca Australia, yavuze ko mu gihe atamenyereye gusesagura ashobora gufasha ubutegetsi kuziganya.

Ni we yitezwe kuba umukenguzamateka aserukira Australia yo mu bumanuko inyuma yaho sentare ihakaniye itogwa ry'umukuru w'umugambwe Bob Day.

Hari ibibazo vyadutse, abantu bibaza niba umupfasoni Gichuhi yarafise ubwenegihugu bubiri igihe c'amatora -ivyo bikaba vyomubuza kuja mu nama nkenguzamateka.

Ubuserukizi bwa Kenya muri Australia bwavuze ko yaciye atakaza ubwenegihugu bwa Kenya igihe aronkeye ubwa Australia, niko itororokanirizo ry'amakuru ABC ryavuze.

Umupfasoni Gichuhi yavuze ko bikwiye ko atogwa kandi ko akwije ibisabwa ngo akore mu nama nkenguzamateka:

"Narakomerewe igihe nashika muri Australia mu myaka 19 iheze ata muntu numwe nzi. Ndi kumwe n'umugabo wanje William hamwe n'imicuko itatu."