Amerika yafatiye ibihano abakuru b'imigwi y'abagwanyyi muri CAR

Imigwi itavuga rumwe y'abagwanyi imaze igihe itana mu mitwe muri CAR Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imigwi itavuga rumwe y'abagwanyi imaze igihe itana mu mitwe muri CAR

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cafatiye ibihano abakuru babiri b'imigwi y'abagwanyyi muri Repubulika Centrafricaine, CAR, yagiriza gukokeza intambara.

Ivyo bihano vyahawe abakuru b'imigwi ikunze guhangana, vyerekanye intego ya Amerika yo gufasha kurangiza ikibazo c'umutekano muke muri CAR, niko itangazo rya Amerika rivuga.

Ibintu vyose batungiye muri Amerika bigiye gufatwa vy'agateganyo, niko iryo tangazo ribandanya rivuga.

Igihugu ca CAR kiri mu ndyane zishingiye ku moko no ku madini kuva mu 2013.

Ubushikiranganji bw'ikigega buvuga ko abanyagihugu ba Amerika babujijwe gukorana urudandazwa na Abdoulaye Hissene hamwe na Maxime Mokom.

Bwana Hissene n'umukuru w'umugwi Seleka ugwiriyemwo inyeshamba z'aba Islamu mu gihe Bwana Mokom arongoye umugwi w'abagwanyi b'abakristu, Anti-Balaka.

Abantu baharugwa mu bihumbi barishwe abandi benshi bakugwa mu vyabo mu ndyane zimaze imyaka ine.

Abasirikare ba Onu barenga 12 000 nibo barungitswe muri CAR gufasha kugarukana amahoro.

Abakristu nibo benshi muri CAR.