Abantu 20 bishwe n'umuriro mu masengesho muri Senegal

Igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera bitewe nuko hari benshi bahiye Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera bitewe nuko hari benshi bahiye

Niburiburi abantu 20 bishwe n'umuriro wadutse uturira amahema abantu barimwo mu masengesho mu gisagara ca Kolda mu bumanuko bw'igihugu ca Senegal, niko BBC Afrique yamenyesheje.

Waciye ukwira ikibanza cose abantu barimwo, uturira amahema yarimwo abantu baharugwa mu bihumbi.

Igitigiri c'abapfuye gishobora kuduga mu gihe hari abantu benshi bahiye, niko ikigo c'igihugu kigwanya umuriro cavuze.

Nta muntu aramenya icatumye uwo muriro waduka.

Igihugu ca Senegal kigwiriyemwo abanyagihugu bo mw'idini rya Islamu, kikaba kibamwo ibikorane vyinshi ku mwaka.