Man Utd ngo yoba irondera Antoine Griezmann wa Atletico

Torres na Griezmann bose binjirije Atletico ibitsindo 31 uno mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Torres na Griezmann bose binjirije Atletico ibitsindo 31 uno mwaka

Umukinyi w'imbere wa Atletico Antoine Griezmann yoba arondegwa kugugwa na Manchester United yo mu Bwongereza ariko abo bakinana nka Fernando Torres akabona ko bidakenewe ko yirigwa araja muri Man Utd ngo abone gutera imbere.

Uwo mukinyi w'imbere w'umurwi w'Ubufaransa, amaze igihe avugwa ko ashobora kuja gukina muri Manchester United.

Uwahora akinira umurwi wa Liverpool mu bakinyi b'imbere Fernando Torres, yabwiye BBC ko yaciye mu bihe nka mwenivyo imbere yuko aja muri Chelsea mu 2011, ariko avuga ko uwo musore w'imyaka 26 ashobora gushika kure yigumiye muri Atletico.

"Woja guterera imbere he, mu gihe ivyo urondera umaze kubishikako muri Atletico?", niko yavuze.

"Nta henshi hameze nka hano kw'isi. Nibaza ko yokwigumanira natwe ubutakihava."

Griezmann yinjirije Atletico igitsindo ca 24 mur'uno mwaka, aba atumye umugwi w'umumenyereza Diego Simeone utsinda Leicester City 1-0 mu gice c'ica kane ca Champions League ku kibuga Vicente Calderon ku munsi wa gatatu.

Torres avuga ko ariko bigenda iyo umukinyi yitwara neza:

"Ni ibisanzwe ko mu gihe abakinyi bakiri bato babaye mu ba mbere kw'isi, ko uwariwe wese yipfuza kubaha akazi," niko uwo mukinyi w'imyaka 33 yavuze.

"Ushobora kuja mu bibanza vyinshi kw'isi ariko ntibaguhe ivyo Atletico itanga ubu: gukina muri La liga, gukina muri Champions league, kuba mu mugwi uri mu yubashwe i Buraya - simbona icotuma agenda."