Amerika yateye ikibombe amahero kuri IS muri Afuganistani

Ikibombe MOAB gifise uburemere bwa 9800kg Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikibombe MOAB gifise uburemere bwa 9800kg

Igitero c'igisirikare ca Amerika hakoreshejwe ikibombe kizwi kw'izina rya MOAB "mother of all bombs" (nyina w'izindi bombe zose) cishe abagwanyi 36 ba IS, gisambura n'ikambi yabo, niko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Afuganistani bwavuze.

Ico kibombe kinini kurusha ibindi kidafise ubumara bwa "nucléaire" kitari bwigere gikoreshwa mu ngwano catewe ahari inzu yo mu kuzimu ya Leta y'iki Islamu, IS, mu ntara ya Nangarhar.

Nta musivile yahitanywe n'ico gitero, niko ubwo bushikiranganji buvuga.

Uwahora atwara Afuganistani Hamid Karzai yiyamirije ico gitero, avuga ko kitari gikwiye kugeragerezwa ku bantu, ko abagikoze bashatse gusa gukoresha ubutaka bw'igihugu nk'ikibanza co kugeragerezako ibigwanisho".

Umwe mu bategetsi ba Afuganistani Abdullah Abdullah yemeje ko ico gitero cakozwe ku bwumvikane bw'ibihugu bibiri kandi "ko vyose vyakozwe neza mu kwirinda ko gihitana abasivilre".

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze ko ico kibombe caguye mu kigwati kiri mu kiyaya ca Momand aho abagwanyi ba Leta y'iki Islamu, IS, bafise inyubakwa zo mu kuzimu ku burebure bwa 300m.

Bivugwa ko ico kibombe ca 9800kg casambuye n'ibigwanisho vyinshi.