Umuganga akurikiranwa ku gusiramura abakobwa muri Amerika

Dr Nagarwala yasiramuye ibihimba vy'irondoka vy'abakobwa bafise imyaka iri hagati y'itandatu n'umunani Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightHENRY FORD HOSPITAL
Image caption Dr Nagarwala yasiramuye ibihimba vy'irondoka vy'abakobwa bafise imyaka iri hagati y'itandatu n'umunani

Umugore w'umuganga wo mu gisagara ca Detroit akurikiranwa ku gusiramura abakobwa "female genital mutilation" (FGM), urubanza rwa mbere nka mwen'urwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abashikirizamanza bavuze ko Jumana Nagarwala amaze imyaka 12 asiramura abo bakobwa b'imyaka iri hagati y'itandatu n'umunani.

Yagizweko itohoza, inyuma yaho ubutegetsi buherewe ayo makuru n'abanyagihugu.

Ni yagigwa, ashobora guhabwa igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

FGM yatanguye kwihanikizwa muri Amerika mu 1996.

Mu kiganiro yagiranye n'abakora itohoza mu ntango y'ino ndwi, Dr Nagarwala yarahakanye ko atigeze akora ivyo bintu, niko ikinyamakuru caho kivuga.

Abashikirizamanza bo bavuga ko "yakoze ibintu biteye ubwoba ku bantu badafise ikibavugira".

Bivugwa ko hari abantu bava mu zindi ntara baje kwisiramuza, ariko bagasabwa kutabivuga, niko bavuze.

Mu 2012 ubutegetsi bwa Amerika bwavuze ko abagore n'abakobwa barenga 500 000 bakorewe FGM, canke ko bari mu bashobora kuyikoregwa.