Abantu bimuwe bava mu ntara zagerewemwo muri Syria

Amabisi menshi niyo ariko arakoreshwa mu kubimura Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amabisi menshi niyo ariko arakoreshwa mu kubimura

Ubutegetsi bwa Syria hamwe n'imigwi y'inyeshamba batanguye igikogwa co kwimura abanyagihugu bakugwa mu turere bamwe n'abandi bigaruriye mu ntambara, niko abagwanira amateka bavuze.

Abanyagihugu bari mu bisagara vyo mu buraruko bushira uburengero, vya Foah na Kefraya, bariko barajanwa mu turere twigaruriwe n'igisirikare c'igihugu hafi ya Aleppo.

Abakuwe mu ntara yafashwe n'inyeshamba Madaya, hafi ya Damas, bajanywe na bisi mu ntara ya Idlib.

Ntawuzi niba intara ya Zabadani iri hafi yaho, yoba iri muri ayo masezerano, ko n'abantu baho boba bimuwe.

Abantu barenga 300 000 nibo bategekanywa kwimugwa.

Mu kwezi guheze, Onu yavuze ko ibibera mu bisagara bine "biteye ubwoba", ko abasivile barenga 64 000 bakwamiye mu ngwano babura n'ivyangombwa vyo kwibeshaho.

Abantu benshi ngo barapfuye ku kubura ibifungugwa hamwe n'imiti.