Ingabo za Amerika zagiye muri Somalia gufashanya n'izisanzweyo

Ihanugwa rya kajugujugu ya Amerika mu 1993, ryatumye ubutegetsi bw'ico gihugu buba buraroreye kurungika abasirikare baco muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ihanugwa rya kajugujugu ya Amerika mu 1993, ryatumye ubutegetsi bw'ico gihugu buba buraroreye kurungika abasirikare baco muri Somalia

Ingabo za Leta Zunze Ubumwe za Amerika zagiye mu gihugu ca Somalia guha ikarishabwenge n'ibigwanisho ingabo zisanzwe zikorerayo z'igihugu n'izo mu murwi Amisom, zigwanya umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al-Shabab.

Ni ubwa mbere Amerika irungikayo ingabo kuva mu 1994 naho hariyo akagwi gafasha mu gutanga impanuro ku bijanye n'ibikogwa vy'iterabwoba.

Mu 1993, abasirikare 18 ba Amerika barishwe kajugujugu barimwo irashwe ku murwa mukuru Mogadishio.

Mu kwezi guheze, Prezida Trump yaremeje ibwirizwa risaba ko hokoreshwa inguvu nyinshi mu kugwanya Al Shabaab.

Abagwanyi b'uwo mugwi bavuze ko bagiye kugwiza na kabiri ibitero bahora bagaba.