Ubushinwa buvuga kw'ikibazo ca Korea ya ruguru cokwadukisha ingwano

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubushinwa n'amakungu, Wang Yi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubushinwa n'amakungu, Wang Yi

Igihugu c'Ubushinwa cagabishije kw'ingwano ishobora kwaduka mu gihe uruhagarara ruguma rwiyongera ku bijanye n'ikibazo ca Korea ya ruguru.

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Wang Yi yavuze ko mu gihe ingwano yoba yadutse, ko ata numwe yoyitsindamwo.

Bwana Wang yashikirije ayo majambo mu gihe ijwi rya Amerika riguma riduga, ico gihugu cidoga ku bijanye n'igeregeza ry'ibigwanisho ruhonyanganda rikogwa na Korea ya ruguru, munyuma naco kikarungika ubwato bw'ingwano mu karere ka Korea.

Ubushinwa ari nabwo bwonyene bushigikiye Korea ya ruguru, butinya ko mu gihe ubutegetsi bw'ico gihugu bwoba buvuyeho, ko hokwaduka ingorane nyinshi ku rubibe bihana n'ico gihugu.

Bwana Wang yavuze ati: "Nibaza ko impande zose zikwiye kurikanura ku bijanye na kino kibazo."

Uwo mushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu yongeye ati: "Dusavye impande zose kwirinda gusotorana no guterana ubwoba, haba mu majambo canke mu bikogwa, ntihagire uwureka ngw'ico kibazo gishike aho kitoba kigitorewe umuti canke ku rugero cogora gukemura."