Abantu babiri bafashwe muri DR Congo ku rupfu rw'abakozi ba Onu

Ikarata ya DR Congo
Image caption Ikarata ya DR Congo

Umushikirizamanza w'igisirikare muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, DR Congo, yavuze ko abantu babiri bafashwe ku bijanye n'urupfu rw'abakozi babiri ba Onu n'uwabafasha mu vy'indimi.

Generali Joseph Ponde yavuze ko abo bantu bari mu migwi y'abagumutsi.

Ibiziga vy'umunyamerika n'umunya Suede, abahinga mu vy'itohoza, hamwe n'ikindi c'uwabafasha guhindura ivyo babwiwe mu rurimi bumva, vyatowe mu ntara ya Kasai ya hagati, aho bariko baratohoza ku bwicanyi bwadutse mu ngwano hagati y'igisirikare c'igihugu n'umugwi w'inyeshamba.