Abapolisi umunani bishwe muri Tanzania

Ikarata ya Tanzania
Image caption Ikarata ya Tanzania

Niburiburi abapolisi umunani bishwe mw'ijoro ryaheze n'abantu bataramenyekana bari bitwaje ibigwanisho, babahwikiriye mw'ibarabara, mu gihugu ca Tanzania, niko ibiro vy'umukuru w'igihugu vyamenyesheje.

Abo bapolisi batewe bariko bagenzura akarere basubiye mu kigwati ca Bungu, ku birometero 110, mu bumanuko bw'umugwa mukuru Dar es Salaam, niko kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu cavuze.

Igipolisi kivuga ko cakurikiye izo nkozi z'ikibi iyo zagiye kwinyegeza, cicamwo zine, babanje kurasana.

Prezida John Magufuli yagaragaje akababaro ku rupfu rwabo bapolisi.

Igipolisi cavuze ko izo nkozi z'ikibi vyari ibisuma vyivye ibigwanisho.

Umumenyeshamakuru wa BBC i Da es Salaam, Sammy Awami, yavuze ko ibitero ku bapolisi no ku biro vyabo, aho ibisuma bibigaba bigenda vyivye ibigwanisho, bimenyerewe muri Tanzania.

Umushikiranganji ajejwe ibibazo vyo mu gihugu, Mwigulu Nchemba, yavuze ko hagiye gukogwa itohoza kur'ubwo bwicanyi, niko ico kinyamakuru cavuze.

Home Affairs Minister Mwigulu Nchemba has announced a wide-ranging investigation into the killings, local media report.