Algeria yagenye umumenyereza agira kane mu mezi 13

Lucas Alcaraz yahora amenyereza umugwi Granada wo muri Espagne Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Lucas Alcaraz yahora amenyereza umugwi Granada wo muri Espagne

Igihugu ca Algeria cagenye Lucas Alcaraz, umumenyereza w'umupira w'amaguru agira kane ahawe akazi muri ano mezi 13.

Uwo mumenyereza aturuka mu gihugu ca Espagne yirukanywe ku munsi wa mbere, mu gihe umugwi wa Granada yarajejwe uri mu kibanza ca nyuma mw'ihiganwa La Liga.

Uwo mugabo w'imyaka 50 yasubiriye umubiligi Georges Leekens, yirukanywe inyuma yaho umugwi wa Algeria ukuriwe mu majonjora mw'ihiganwa ry'igikombe c'ibihugu rya Afrika mu 2017.

Uwundi mumenyereza Christian Gourcuff yari yatanze imihoho mu kwezi kwa kane 2016, asubirigwa na Milovan Rajevac yagiye akinishije inkino zibiri gusa.

Urukino rwa mbere rwa Alcaraz ruzohuza Algeria na Togo mu nkino z'ijonjora z'igikombe c'ibihugu muri Afrika c'umwaka wi 2019.