Igisasu ca Amerika catwaye aba IS 90 muri Afghanistani

Igisasu catumberejwe mu mivo yihishamwo aba IS Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uburyo igisasu kinini bita MOAB (Nyina wa vyose) giturika

Umugwi wa IS urahakana ko wabuze abarwanyi, mu gitero cagabwe ku bwihisho bwabo buri mu buseruko bw'intara ya Nangarhar muri Afghanistani, aho ingabo za Amerika zateye igisasu kinini cane.

Nta kuravugwa ku vyerekeye nimba imihana yo hafi yaho yarashikiriwe n'ico gitero.

Abategetsi ba gisirikare ba Amerika na Afghansitani babujije abanyamakuru canke abandi banyagihguu basanzwe kuja ahaturikiye ico gisasu.

Umugaba w'ingabo za Leta zune Ubumwe za Amerika ziri muri Afghanistani, General John Nicholson, yavuze ko igisasu gikuru ca vyose mu bitari ivyo mu bwoko bwa nuclaire catewe gitumberejwe ibabanza bizwi neza.