Turkiya yiteguriye kamarampaka

Mitingi muri Istambul Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abazotora 'ego' bari mw'ikoraniro Istambul

Perezida Erdogan yiteze ko ibwirizwa nshingiro buca ritorwa rishobora kwemezwa, ivyo bikazotuma ubutegetsi bwa Turkiya bushingira ku bubasha bw'umukuru w'igihugu, aho kuba ku nama nshingamateka.

Yemeza ko ibishaka gushindurwa muri iryo wirizwa nshingiro bizotuma igihugu gitsimbatara mu gihe cari kimaze gihungabana.

Ngo bizokirinda kandi gusubira mu guteshwa inguvu n'intege nke z'imigwi ya politike yo muri ico gihugu.

Abo batavuga rumwe nabo nyene bari mu makoraniro hirya no hino mu gihugu.

Bagabisha ko ayo mahinduka ari mw'ibwirizwa nshingiro ashobora gutuma ubutegetsi bwizizigwa n'umuntu umwe.

Igendereza ryerekana ko abahanganye bafise amahigwe asa n'ayangana.