RD Congo nticana uwaka n'Ububirigi

Joseph Kabila Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Kabila yarangije ikiringo ciwe mu kwa 12 umwaka uheze

Republika iharanira Demokarasi ya Congo yacanye imigenderanire ya gisirikare n'Ububirigi, kubera bwaneguye ihitamwo ryiwe ry'umushikiranganji wa mbere Bruno Tshibala.

Ububirigi buvuga ko itorw arya Bruno Tshibala ritakurikiye amasezerano agatima ko gusangira ubutegetsi, aho bari bumvikanye ko ari abatavuga rumwe na leta babwirizwa guhitamwo uwo bifuza ko agenwa.

Perezida Kabika yagenye uwo mushikiranganji wa mbere mu ndwi iheze, aho binaniriye abatavuga rumwe na leta kwumvikana.

Leta nshasha igiye kuzoheza igatunganya amatora mu mpera z'uyu mwaka.

Ayo matora yecerewe kubera ubutegetsi bwa perezida Kabila atayo bwateguye, kugeza igihe ciwe ku butegetsi kirangiye, ariko yanka kuhava mu kwa acumi na kabiri umwaka uheze.