Imodokari zihungana abantu zatewe muri Syria

Icotsio cinshi capfundutse ahahagaze imodokari Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bus zari zirorereye abashaka guhunga muri Aleppo

Igisasu kinini cane caguye ku modokari yo mu bwoko bwa bus aho abantu baharugwa mu bihumbi bakuwe mu bibanza ubu birimwo ingabo za leta bari barindiriye kwungururizwa ahandi.

Amasanamu aturuka muri ako gace yerekana ibiziga birimwo ivyo abana, birunze iruhande y'amamodoka yirabujwe n'umuriro.

Amakuru ava muri leta yemeza ko cari igitero c'umwiyahuzi.

Abahasize ubuzima ahanini baturuka mu duce tugwiriyemwo aba Shia, twa Fuaa, Kefraya n'intara ya ya Idlib irimwo abarwanyi.

Abo banyagihugu bari bakuwe aho ku munsi wa gatanu, baguranijwe n'abarwanyi b'aba Sunni nabo bashaka kuva mu muji wa Damascus kumwe n' imiryango yabo, bakabisa imigwi yegamiye leta isigaye ihabarizwa.

Ico gikorwa kitoroshe co gutabara no gufasha abashaka kuva mu bibanza baja mu bindi gisa n'icahagaze ino gihe.

Imodokari zihungana abantu zatewe muri Syria