Koreya ya ruguru yageregeje igisasu ariko yananiwe

Koreya ya ruguru yiteguriye intambara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Koreya ya ruguru yekoze defire y'ibigwanisho kuwa gatandatu

Koreya ya ruguru yongeye kugerageza ikindi gisasu co mu bwoko bwa 'Missile ballistique' ku nkengera zo mu buseruko bw'ico gihugu, ariko nticabashije kugenda.

Igisirikare ca Leta zunze Ubumwe za Amerika kimenyesha ko ico gisasu caturitse amasegonda make cane inyuma yo kurungikwa mu kirere.

Igeragezwa ry'ico gisasu riteye kubiri n'ingingo y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ribaye kandi umunsi umwe gusa inyuma y'aho leta ya Pyongyang ibwiriye Leta zunze Ubumwe za Amerika ko idatinya intambara.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Koreya y'epfo bumenyesha ko bushobora gufata ingingo zo guhana ico gihugu kibanyi hamwe cobandanya agasomborotso.

Bwana Pence yajanywe muri Koreya y'epfo n'ikibazo c''umugambi wa nucleaire' wa Koreya ya ruguru.