Imyiyerekano mu miji 100 muri Amerika, isaba Trump kugaragaza uko yarishe amakori

Trump yanse kwerekana uko yatanze amakori Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/ GETTY IMAGES
Image caption Bamwe bashaka kubona uko yatanze amakori bamenye nimba hari imigenderanire afitanye n'Uburusiya

Abantu baharugwa mu bihumbi mirongo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, batunganije imyayerekano yo gusaba perezida Trump kerekan auko yarishe amakori.

Perezida Trump yarahakanye gushira ahabona uko yarishe ayo makori, n'ubwo yari ingendo imenyerewe ku bandi bakuru b'igihugu bamubanzirije.

Bamwe mu bari mu myiyerakano bagiye batwaye ibipurizo bishushanije nk'inkoko, mu kwerekana ko uyo mukuru w'igihugu wabo yatinye gushira ahagaragara ivyo bamusaba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sarah Silverman afise imoano yo gutwenza abantu yavuze mu myiyerekano yo muri New York

Abantu bagera ku 20 batawe muri yompi igihe abashigikye Trump n'abamugwanya abatana muri yompi muri Berkeley muri leta ya California.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano yabaye hasigaye indwi imwe gusa ku kiringo cashizwe co gutanga amakori abanyagihugu batanze

N'ubwo ata tegeko risaba perezida Trump gushira ahagaraga ibijanye yatanze ama tagisi, abandi bakuru b' igihugu yakurikiye bari mbamaze imuyaka irenga 40 babikora.

Iyo myiyerekano yahuriranye n'uko hasigaye indwi imwe gusa ingo igihe co kwuzuza imappuro zerekana ingene Abanyamerika batanze amakori kirangire.