Muri Turkiya bari muri kamarampaka kw'ibwirizwa nshingiro.

Bamwe babona ko ari uguhamba demokarasi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyi kamarampaka yatumye abanya Turkiya bicamwo ibice

Mw'ibwirizwa nshingiro ryashizwe mu matora y'uno munsi, ikibanza c'umushikiranganji wa mbere hamwe ryemejwe coca gikugwaho, ububasha bukihariza umukuru w'igihugu.

Perezida Recep Tayyip Erdogan n'abamushigikiye, bemeza ko ayo mahinduka azotuma igihugu gikomera gusumba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abatora bahabwa amakarata ariko 'ego' canke 'oya' muri kamarampaka kw'ibwiirzwa nshingiro

Ariko abatamushigikiye babona ko ahubwo iryo bwirizwa nshingiro risha rizotuma ubutegetsi bushingiye kuri 'Demokarasi' iciye ku nama nshingamateka, busubirigwa n'ubushingiye ku mukuru w'igihugu wenyene yiharije ububasha bwose.

Ibinyamakuru bisanzwe birabwa igitsure na leta muri ico gihugu, ntivyahaye ikibanza gikwiye abariko bamamaza ko iryo bwirizwa nshingiro ritotorwa.