Papa yibukije abakirisu kwitaho abakene

Papa yasomeye imisa ibihumbi vy'abakirisu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa yibukije akakirisu kurirengagiza abababaye

Mu misa yo mu giteramo co mu gicugu ca Pasika, Papa yahamagariye abakirisu kutirengagiza ingorane abakene n'abimukira barimwo.

Yavuze ku mubababro uterwa n'ubukene, gucugwa bufuni na buhoro gukoregwa kiremwa muntu ku nyungu z'abandi, eka n'urudandzwa rw'abantu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abaharugwa mi bihumbi bitabiriye imisa ya Papa

Papa Francis yaraneguye cane ico yise 'imikorere y'abanyabiro ataco itanga kandi iburizamwo amahinduka ajana mu nzira nziza'

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu Misiri naho batunagnije imisa ya Pasika n' ubwo baheruka gutegwa

Imisa ya Pasika yasomwe kandi mu masengero y'abalisirisu b'aba Coptes mu Misiri, aho umugwi Is wagavye ibitero mu ndwi iheze, hagapfa abantu 45.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikibanza ca Basillique Saint Pierre cari gishasije

Amashurwe agera ku 30.000 yari asharije ikibanza citiriwe Petero mweranda.