Ikibuga c'indege Mogadishu muri Somalia catewe Mortiers

Ibisasu vyinshi vyatewe aherekeza ku kibuga c'indege
Image caption Urukurikirane rw'imodoka za PAM narwo rwahakijwe n'igisasu

Ababibonye bavuga ko abajejwe umutekano muri ico gihugu batanye mu mitwe n'abari bateye ico kibuga c'indege ca Mogadishu.

Umwe muri bene gutera bivugwa ko yahasize ubuzima.

Uwoba ari inyuma y'ico gitero kugez'ubu ntaramenyekana.

Hagati aho, ishami ry'ishirahmwe ONU rijejwe infurungurwa PAM, rimenyesha ko hari igisasu caturikiye ku metero 100 hafi y'urukurikirane rw'imidokari zaryo mu muji wa Mogadishu nyene.

Abacungerera umutekano abakozi ba PAM baciye bakomereka, ariko bidakabije cane, PAM ikaba iriko itohoza nimba ico gisasu cari gitumberejwe yo nyene.