Amerika iravugana n'Ubushinwa kuri N Korea

Koreya ya ruguru ngo ikomeza inyifato yo kudurumbanya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amerika ziriko zumvikana n'ibindi bihugu ku nyishu yotoregwa Koreya ya ruguru

General McMaster yabwiye imwe muri tereviziyo zo muri Amerika, ko Leta zunze Ubumwe za Amerika ziriko zikorana n'ibindi bihugu hamwe n'Ubushinwa mu kwihweza inzira zofatwa ku kibazo ca Koreya ya ruguru.

Intumbero bafise ngo n'ugutegura inyishu kuri Koreya ya ruguru hamwe ivyo yise 'kubandanya gutera umudurumbanyo' vyobandanya.

Kare icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pince, igihe yabonana n'Abanyamerika mu rugendo arimwo muri Korea y'epfo, ko ata na rimwe Amerika yari bwitegure gushikira Koreya y'epfo nk' uko biri kinoi gihe.