Syria: Igitero kuri bus z'abahunga caguyemwo abana 68

Abamaze kumenyekana ko bapfuye bageze ku 120 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Busu zari zireruye abavuye mu duce turimwo ingabo za leta

Umugwi uharanira amahinduka muri Syria ufise icaciro mu Bwongereza wemeza ko mu bantu barenga 120 baraye baguye mu gitero c'ejo, barimwo abana barenga 68.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abana bakomeretse bariko bavurigwa mu muji wa Aleppo uri mu minwe ya leta ya Syria

Ibisasu vyo kuri uyu wa gatandatu vyatobekeranije imodokari zari zipakiye abanyagihugu bahunze bava mu bice vyarimwo abashigikiye leta, mu miji ya Fuaa na Kafraya, izingirikiwe n'abarwanya leta.

Kugeza ubu uwakoze ico gitero ntaramenyekana.

Icaturitse cahengereye imodokari yari ije gutanga ibifungurwa ihageze, abana bamaze gushengerera ari benshi.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko bitumvikana ingene iyo modokari yari kuhagera idahawe uburengenzira na eta.