Abadashigikiye Erdogan batanguye kwanka ivyavuye mu matora

Imyiyerekano muri Ankara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abadashaka ibwirizwa nshingiro risha baciye baja mu mabarabara mu mugwa mukuru

Ivyavuye mu matora kw'ihindugwa ry'ibwirizwa nshingiro muri Turkiya, riha ububasha perezida w'igihugu aho kuba muntwaro ishingiye ku nama nshingateka, bitanguye kwiyamirizwa n'abatavuga rumwe na leta.

Icegera c'umukuru w'umugambwe CHP Bulent Tezcan, avuga ko kwima agaciro ivyavuye muri ayo matora yo kuw'Imana, ari co conyene cotuma ibibazo bifatiye kw'itunganywa ryayo bishobora kujanwa muri sentare bivanwaho.

Mu miji minini minini yo muri ico gihugu, harimwo Istambul ahabaye imyiyerekano yo kwanka iyo kamarampaka, abenshi batoye 'oya'.

Perezida Erdogan yabwiye abamushigikiye ko ibice 51 % vyatoye 'ego' bimuha uburenganzira bwo kunyarutsa amahinduka, avuga ko ahambaye.

Inama nshikiranganjiya Turkiya yiteguye kwongereza ikiringo c'amategeko nk'ayo igihugu kiri mu bihe bidasanzwe, yashizweho kuva mu kwezi kw'indwi umwaka uheze, gutembegaza ubutegetsi kumaze kuburizwamwo.